Uko wahagera

Abantu 7 Bishwe n'Abajejwe Umutekano mu Myiyerekano muri Sudani


Abakora imyiyerekano i Khartoum, muri Sudani kw'itariki ya 6/01/2022.
Abakora imyiyerekano i Khartoum, muri Sudani kw'itariki ya 6/01/2022.

Abajejwe umutekano kuri uyu wa mbere muri Sudani bishe abantu indwi bari mu myiyerekano yiyamiriza kudeta yakozwe n’abasirikare. Ibi vyavuzwe n’abaganga batabara ahakomeretse abantu. Ni mu gihe abakuru mu bajejwe umutekano bemeye kuzokurikirana abo bagiriza ko bateye akajagari.

Ubu bwicanyi bubaye imbere y’urugendo rw’umudiplomate wa Amerika muri Sudani, aho Amerika iriko irondera inzira yo guhagarika urwo ruhagarara rumaze amezi muri ico gihugu.

Abantu bishwe kuri uyu wa mbere baciye bashikana kuri 71 bamaze kwicwa kuva igisirikare kirongowe na Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, cifatiye ubutegetsi mu kwezi kwa cumi, itariki ya 25.

Burhan kuri uyu wa mbere yakoranije inama yihuta n’abakuru b’abajejwe umutekano kandi bemera gushiraho inteko zidasanzwe zihangana n’ico yise iterabwoba, nkuko vyatangajwe n’abategetsi b’akanama k’abasirikare karongoye igihugu.

Abategetsi bamye bahakana ko bakoresha amasasu yica mu guhangana n’abakora imyiyerekano, bavuga kandi ko n’abajejwe umutekano batari bake bakomerekeye muri iyo myiyerekano.

Intumwa ya Reta zunze bumwe za Amerika mw’ihembe rya Afrika, David Satterfield hamwe n’umwunganirizi w’umushikiranganji w’imigenderanire, Molly Phee, bitezwe muri Sudani mu misi iza. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG