Abajejwe umutekano muri Sudani kuri uyu wa mbere barashe barica abantu babiri bari mu myiyerekano yiyamiriza kudeta yakozwe n’abasirikare mu mwaka uheze. Bongeye gufata abatari bake mu baharanira intwaro ya demokarasi, nkuko vyavuzwe n’abaganga batabara ahabereye ubwicanyi.
Iyi myiyerekano y’urutavanako muri Sudani yatanguye kuva abasirikare bafata ubutegetsi ku nguvu kw’itariki ya 25 y’ukwezi kwa cumi. Abapfuye kuri uyu wa mbere bongereje igitigiri c’abamaze kwica gushika kuri 81.
Kuri uyu wa mbere, ibihumbi vy’abanyagihugu bihereje amabarabara ku murwa mukuru Khartoum no mu kindi gisagara ca Omdurman. Abandi bagaragaye no mu gisagara Port Sudan mu buseruko hamwe no mu burengero bw’intara ya Darfur, nkuko abavyiboneye babivuze.
Ku musi w’Imana, abategetsi barahagaritse Mohamed al-Fekki, umusivile yahoze mu kanama kahoze karongoye igihugu inyuma ya kudeta. Mu ndwi iheze abategetsi barahagaritse Khaled Omar Youssef yigeze kuba umushikiranganji na Wagdi Saleh, yigeze kuba umuvugizi w’urunani ruhurikiyemwo abasivile, Forces Pour la Liberte et le Changement (FFC).
Abo bose bahagaritswe inyuma y’aho bari bahejeje kubonana n’intumwa idasanzwe ya ONU Volker Perthes, ariko arafasha guhuza abanyesudani kugira icuka kibi ca poritike gihagarare.
Facebook Forum