Uko wahagera

Papa Fransisko Azogendera Sudani y'Epfo mu Kwezi kw'Indwi


Papa Fransisko
Papa Fransisko

Papa Fransisiko azogira urugendo rwasibishijwe incuro zitari nke muri Sudani yo mu bumanuko mu kwezi kw'indwi kw'uyu mwaka.

Vaticano yatangaje iyo nkuru isigura ko Papa yari yasibishije urwo rugendo akatari gake kubera impamvu z’umutekano. Sudani yo mu bumansuko iracariko irogorora inyuma y’ingwano yakwirikiye ukwikukira kwayo.

Papa Fransisiko azoba ari muri Sudani yo mu bumanuko hagati y’itariki 5 n’iya 7 y’ukwezi kw’indwi inyuma y’uko azoba agendeye Republika ya demokrasi ya Congo hagati y’italiki 2 n’iya 3 y’uko kwezi.

Muri Sudani yo mu bumanuko azogendera umurwa mukuru, Juba. Mu gihe muri Republika ya demokrasi ya Congo, azogendera umurwa mukuru, Kinshasa n’igisagara ca Goma.

Papa Fransisiko yari yashatse kugendera Sudani yo mu bumanuko, igihugu kigizwe ahanini n’abakristu mu kiringo c’imyaka itari mike.

Sudani yo mu bumanuko izohimbaza imyaka 11 izoba imaze yikukiye mu kwezi kw’indwi. Ingwano yadutse imyaka ibiri inyuma yaho mu mwaka w’i 2013, yahitanye abantu 400.000. Impande zikomeye zitana mu mitwe zateye umukono ku masezerano y’amahoro mu mwaka w’i 2018. Yamara inzara n’ugutana mu mitwe kwiha inkumbi biracaba kenshi muri ico gihugu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG