Uko wahagera

Abungere n'Abarwanyi muri Sudani y'Epfo Bagirizwa Kwica Abantu 27


Bamwe mu basirikare ba Sudani y'Epfo
Bamwe mu basirikare ba Sudani y'Epfo

Umwe mu bategetsi muri Sudani y’Epfo yatangaje ko abantu 27 bishwe abandi bane barakomerekera mu gitero cakozwe mu karere ka Abyei mw’ijoro ryakeye.

Mw’itangazo, umuvugizi wa reta y’akarere ka Abyei, Ajak Deng Miyan yagirije abungere n’abagwanyi bo mu gihugu ca Sudani kuba ari bo bakoze ico gitero ku banyagihugu bo mu bwoko bw’aba Dinka. Iryo tangazo rya reta risaba kandi ko inteko za ONU z’iri muri Sudani y’Epfo zikingira umutekano w’abanyagihugu.

Ako karere ka Abyei gasanzwe karimwo ibitoro vyinshi, karimwo impari hagati ya Sudani na Sudani y’epfo, kuva Sudani y’epfo ironse ubwigenge mu mwaka wa 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG