Uko wahagera

Covid-19: Sentare y'Amerika Yanse ko Abakozi Bategekwa Gucandagwa


A Walmart store is seen in Landover, Maryland, December 31, 2014
A Walmart store is seen in Landover, Maryland, December 31, 2014

Sentare ntahinyuzwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika yahagaritse ingingo ya reta ya Perezida Joe Biden isaba abakozi bakora mu mashirahamwe manini manini gufata incanco za Covid-19 atar’uko bakazokwama bipimisha buri ndwi no kwama bambaye agapfukamunwa ku buzi.

Iyo sentare kandi yemereye reta gutegeka abakora mu gisata c’amagara y’abantu muri Amerika gufata izo ncanco, kuko bakorera mu gisata kitoroshe cane cane ku magara yabo n’ayo ababitura.

Iyi ngingo ya sentare ntahinyuzwa ya Amerika yo kuri uyu wa kane ifashwe mu gihe abandura uyu mugera biyongera ku bwinshi muri Amerika, kandi reta iriko ihimiriza abanyamerika kwiteza urucanco rw’inyongera.

Sentare yemeje ko reta yarengeje urugero ku gutegeka amashirahamwe akoresha abakozi bashika ijana gutegeka abakozi babo kwicandagisha ku nguvu.

Abanyamerika barenga imiliyoni 208, n’ukuvuga ibice 62 kw’ijana baramaze kwiteza incanco zisabwa zose ndetse n’urw’inyongera. Ibi bivugwa n’ibigo vya Amerika bijejwe kugenzura no gukinga ingwara.

Abacamanza icenda bose bagize sentare ntahinyuzwa ya Amerika baramaze guterwa incanco zisabwa hamwe n’urw’inyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG