Uko wahagera

USA: Ingingo Zikomeye Zafatiwe Abataricandagisha Covid-19


Perezida Joe Biden ashikiriza ijambo abanyamerika muri White House, kwa kane , itariki 9/9/2021
Perezida Joe Biden ashikiriza ijambo abanyamerika muri White House, kwa kane , itariki 9/9/2021

Perezida Joe Biden wa Reta zunze ubumwe za Amerika yifatiye mu gahanga abanyamerika bagifise amakenga yo kwicandagisha Covid-19 ko ari bo batumye ico kiza kidatuzwa mu gihugu.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa kane, Perezida Biden yavuze ko hari akagwi k’inkehwa z’abanyamerika gashigikiwe na bamwe mu bashingamateka bitoreye, bazingamitse igihugu, aho umugera wa Corona wananiranye kuranduranwa n’imizi.

Perezida Bidan yatangaje kandi umugambi uzotuma abantu imiriyoni ijana bacandagwa ku nguvu. Uwo mugambi usaba amasosiyete y’abikorera utwabo akoresha abakozi barenga 100, kubategeka kwiteza urucanco rwa Covid-19 canke ataruko bakemera kuzokwama bapimwa buri ndwi.

Abashingamateka bo mu mugambwe w’abarepublikani batari bake banditse kuri Twitter ko ibi bisa nk’intwaro y’umukazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG