Uko wahagera

Abasirikare ba Amerika Bazotegekwa Gucandagwa Covid-19


Abasirikare ba Amerika bategura incanco za COVID-19 mu gisagara ca Miami, muri Florida, kw'itariki 10/03/2021
Abasirikare ba Amerika bategura incanco za COVID-19 mu gisagara ca Miami, muri Florida, kw'itariki 10/03/2021

Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwavuze ko buzoshiraho itegeko ko abasirikare bose ba Amerika bacandagwa Covid-19. Ibi vyavuzwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji wo kwivuna abansi, Lloyd Austin.

Umushikiranganji w’Amerika Lloyd Austin, ejo kuwa mbere yavuze ko iyi ngingo izofatwa kuva kw’itariki ya 15 y’ukwezi kw’icenda, canke imbere y’aho, igihe ihinguriro ry’inkingo Pfizer canke ayandi ahingura izindi nkingo azokwemererwa ko incanco zabo zemewe ku mugaragaro n’ikigo ca Amerika kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti.

Perezida Joe Biden yavuze ko ashigikiye yivuye inyuma iyi ngingo, kuko ngo izo ncanco zikingira ubuzima bw’abantu.

Kubera inkingo za Covid-19 zitarahabwa uburenganzira bwuzuye n’ikigo kibishinzwe, igisirikare ca Amerika caririnze gutegeka abasirikare kurufata, nkuko bimeze no ku zindi ncanco.

Gushika ubu, ubwo bushikiranganji buvuga ko abasirikare barenga imiriyoni 2 n’ibihumbi 500 baza baramaze gucandagwa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG