Uko wahagera

Pfizer Yatanguye Kugerageza Umuti wo Gukingira COVID-19


Abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu bariko baratohoza urukingo rwa COVID-19 rwa Pfizer-BioNTech i Leuven, mu Bubirigi, 27/12/2020
Abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu bariko baratohoza urukingo rwa COVID-19 rwa Pfizer-BioNTech i Leuven, mu Bubirigi, 27/12/2020

Ihinguriro ry’imiti, Pfizer ryo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ryavuze ko ryatanguye Kugerageza umuti uzohabwa abantu babana n’uwanduye COVID-19 kugira bakingirwe uwo mugera.

Uwo muti wo kunywa uriko ugeragezwa ku bantu 2660 babana mu nzu n’uwanduye COVID-19.

Pfizer iriko iriga kandi umuti uzohabwa abanduye COVID-19 ariko batarerekana ibimenyetso vyayo. Umuyobozi wa Pfizer w’igisata c’ubushakashatsi, Dr. Mikael Dolsten, yavuze ko mu gihe uwo muti woboneka ko ari ngirakamaro ushobora kuzohagarika uwo mugera hakiri kare, imbere yuko urandagata.

Kuri uyu wa mbere kandi, perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yiteje doze ya gatatu y’urucanco rwa COVID-19, nkuko vyasabwe abantu bafise imyaka 65 no kurenga n’abandi bakora mu gisata c’amagara y’abantu, abigisha n’abafise hagati y’imyaka 50 na 65 bagendana izindi ndwara.

Ikigo co muri Amerika gikurikirana ku musi ku musi ivy’uyo mugera, Johns Hopkins, cavuze kuri uyu wa mbere ko abantu barenga imiriyoni 232 bamaze kwandura uwo mugera kw’isi, barimwo hafi imiriyoni 4 n’ibihumbi 800 bamaze gupfa. Ico kigo cavuze kandi ko doze z’urucanco zirenga imiriyaridi 6 zimaze guterwa abantu kw’isi yose. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG