Uko wahagera

ONU Itewe Ubwoba n'Abantu 30 Bishwe Bagaturirwa muri Myanmar


Imyotsi hamwe n'imbeya z'imiriro ku modokari mu gasagara ka Hpruso, muri reta ya Kayah, muri Myanmar, kw'itariki ya 24/12/2021
Imyotsi hamwe n'imbeya z'imiriro ku modokari mu gasagara ka Hpruso, muri reta ya Kayah, muri Myanmar, kw'itariki ya 24/12/2021

Ishirahamwe mpuzamakungu ryavuze kuri uyu w’Imana ko ritewe ubwoba n’amakuru y’abasivile hafi 30 bishwe ibiziga vyabo vyongera biraturirwa Myanmar. ONU isaba kandi reta gutanguza itohoza kuri ubwo bwicanyi.

Eka n’ishirahamwe ry’abagiraneza ry’Abongereza, Save the Children ryavuze ko rihagaritse ibikorwa ryakorera muri reta ya Kayah, mu buseruko bwa Myanmar. Ni inyuma y’aho abakozi baryo babiri baburiwe irengero muri ico gitero cahitanye abantu 30, barimwo abakenyezi n’abana, hamwe n’ibindi biziga vyaturiwe.

Abo bakozi babiri bari bagiye mu mihana iyo bavuka guhimbaza imisi mikuru irangiza umwaka igihe bahura n’imirwano muri iyo reta yo mu buseruko bw’igihugu, nkuko ishirahamwe, Save the Children ryabivuze ku musi wa gatandatu.

Imihari itavuga rumwe na reta ku musi wa gatandatu yagirije igisirikare ca reta, canyaze ubutegetsi abasivile mu kwezi kwa kabiri kuba ari co ubwo bwicanyi bwagira.

Umuvugizi w’akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi, jenerali Zaw Mun Tun ntiyitavye terefone ngo yemere canke abeshuze ivyo igisirikare cagiriza. Itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters nta makuru ryaronse yigenga avyemeza. Ariko ikimenyeshamakuru ca reta catangaje ko abasirikare barashe bongera bica igitigiri kitazwi c’abakora iterabwoba bari bitwaje ibirwanisho batavuga rumwe n’ubutegetsi bariko barwana n’inteko za reta. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG