Uko wahagera

Myanmar Isabirwa Ibihano ku Birwanisho


Amashirahamwe arenga 200 ya sosiyete sivile n’ayaharanira agateka ka muntu yo kw’isi yasavye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gufatira Myanmar ibihano ku birwanisho. Ayo mashirahamwe avuga ko bizobuza igisirikare gukora ubwicanyi n’ayandi mabi.

Louis Charbonneau, umuyobozi wa Human Rights Watch muri ONU yavuze ko ako kanama kananiwe guhangana n’akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi muri Myanmar.

Amashirahamwe y’agateka ka muntu avuga ko abasivile barenga 760 bishwe, barimwo abana 51 hamwe n’abarenga 4 600 bahagaritswe n’inzego z’umutekano.

Ubwongereza nibwo bukurikirana ikibazo ca Myanmar muri ako kanama k’ibihugu 15, ariko bwarananiwe gutanga integuro y’itegeko ry’ibihano kuri ico gihugu. Abadiplomate bavuga ko bwatinye ko Ubushinwa n’Uburusiya bicuditse na Myanmar buzoca burizibira rikaba impfagusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG