Uko wahagera

Amnesty Isaba ko Abakoze Ubwicanyi muri Afuganisitani Bahanwa Bose


Abarwanyi b'abatalibani bahagazi kuri bariyeri i Kabul muri Afuganistani, kw'italiki ya 5/11/2021

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburenganzira bwa muntu, Amnesty International ryagiriza impande zose zagize uruhara mu ntambara muri Afuganisitani ubwicanyi bukabije ku basivile. Ibi vyabaye imbere yuko reta ya Afuganisitani yari ishigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika isenywa, Abatalibani baca bafata ubutegetsi mu kwezi kwa munani.

Iryo shirahamwe rifise icicaro mu Bwongereza ryavuze kuri uyu wa gatatu ko raporo nshasha ryasohoye yerekanye ko mu mezi y’imbere yuko Abatalibani bafata igihugu habaye ubwicanyi burenze urugero bwakozwe n’Abatalibani, abasirikare ba reta ya Afuganisitani hamwe n’igisirikare ca Amerika.

Agnès Callamard, umunyamabanga mukuru wa Amnesty International avuga ko amazu, amavuriro, amashure vyahinduwe ibibanza vyo kwiciramwo abantu no kubakomeretsa.

Callamard yavuze kuri uyu wa gatatu ko ababajwe n’ingingo yafashwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yo gukurikirana gusa ivyaha vyakozwe n’Abatalibani hamwe n’umuhari IS-Khorasan. Ariko ntiyumva igituma abasirikare ba Amerika na Afuganisitani bakingirwa ikibaba. Asaba ko abakekwako ivyaha bose vyo mu ntambara batohozwako. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG