Uko wahagera

Ubulayi Bwemeye Kwakira Impunzi 40.000 za Afuganistani


Impunzi za Afuganistani Kosovo

Umugwi w’ibihugu 15 mu bigize ishirahamwe rya Bulaya vyemeranije kwakira impunzi 40.000 z’abanyafuganistani. Ibi vyashikirijwe na komiseri Ylva Johansson w’uwo muryango kuri uyu wa kane, inyuma y’umubonano yagize n’abashikiranganji b’intwaro mu gihugu hagati.

Ibi bihugu vyemeye kwakira impunzi birimwo Ubudagi, Ubuholande, Esupanye, Ubufaransa hamwe n’ibindi.

Igisata ca ONU citaho impunzi, HCR, casavye uwo muryango kwakira impunzi z’abanyefuganistani 42.500 mu myaka itanu. Ariko bimwe muri ivyo bihugu 27 vyaranse kwakira n’umwe. Ibihugu vyabemeye ariko nta kiringo vyatanze bazotangurira kubakira.

Hagereranywa ko abanyafuganistani 85.000 ari bo bahunze igihugu cabo, bahungira hafi y’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya.

Umukuru wa HCR, Filippo Grandi yari yaragabishije ko izo mpunzi zibayeho ubuzima bubi, aca asaba Ubulayi kwakira igice c’abo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG