Uko wahagera

Igitero ca Bombe Cahitanye Abatari Bake i Kabul muri Afuganistani


Bamwe mu baganga bari mu bafashije abakomerekeye mu gitero co kuri uno wa Mungu
Bamwe mu baganga bari mu bafashije abakomerekeye mu gitero co kuri uno wa Mungu

Bombe yaturikirijwe hanze y’umusigiti mukuru wo ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, yahitanye abanyagihugu benshi. Zabihullah Mujahid avugira abatalibani yatangaje ano makuru naho yavuze ko abenshi baguye muri ico gitero, ntiyigeze atomora igitigiri nyaco c’abashengeye n’abakomeretse.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, ryatangaje ko bisa nkaho cakozwe ku bari baje gusabira nyina wa Mujahid aheruka kwitaba Imana. Ku musigiti cagabweko, hari hariyo n’abandi bategetsi b’abatalibani. Kugeza ino saha, nta n’umwe ariyitirira ico gitero.

Igitero c’uno wa Mungu ni co ca mbere gikomeye kibaye i Kabul inyuma y’icagabwe mu kwezi kw’umunani, mu micungararo y’ikibuga c’indege kigahitana abagera ku 200 barimwo abasirikare b’Amerika 13.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG