Uko wahagera

Afuganistani: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abakozi 10 b'Ishirahamwe Rinyegurura Ibisasu


Amasanduku arimo imirambo y'abakozi b'ishyiramwe HALO Trust ritegura ibisasu bishwe n'abantu bitwaje intwaro.
Amasanduku arimo imirambo y'abakozi b'ishyiramwe HALO Trust ritegura ibisasu bishwe n'abantu bitwaje intwaro.

Ico gitero cahitanye abakozi 10 b'ishirahamwe “The HALO Trust” rijejwe kunyegurura amabombe aterwa abantu ku butaka, cabaye mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu, cabereye mu ntara ya Baghlan iri mu buraruko bw’Afuganistani, igice cabereyemwo ingwano ikomeye hagati y’inteko za reta n’abarwanyi b’Abatalibani.

Umuvugizi w’igipolisi co muri iyo ntara yabwiye Ijwi rya Amerika ko abapfuye n’abakomeretse muri ico gitero bose bari Abanyafuganistani. Abakoze ico gitero bakoranirije hamwe abo bantu mu cumba imbere y’uko batangura kubamijagiramwo amasasu.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid yahakanye ko hari uruhara bagize muri ico gitero. Amenyesha ko igice ico gitero cabereyemwo kitari mu minwe yabo.

Uwo muvugizi Mujahid avuga ko biyamiriza bivuye inyuma ibitero bikorwa ku bantu ataco bazira. Amenyesha ko bafitaniye imigenderanire myiza n’amashirahamwe ategamiye reta, ko abarwanyi babo badashobora gukora ubunyamaswa nk’ubwo.

Ishirahamwe, “The HALO Trust” ryiyamirije igitero co mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu. Rimenyesha ko abantu barenga 100 bariko barangura igikorwa kigenewe gufasha abanyagihugu mu gice ico gitero cabereyemwo.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG