Uko wahagera

HCR Igabisha ko Hashobora kuba Impunzi Nyinshi muri Afuganistani


Komiseri wa ONU ajejwe Impunzi Filippo Grandi
Komiseri wa ONU ajejwe Impunzi Filippo Grandi

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe impunzi, Filippo Grandi, aragabisha ko hashobora kuboneka impunzi nyinshi zihungira hagati mu gihugu no hanze ya Afuganistani, mu gihe ico gihugu kitofashwa muvy’ubutunzi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riza ryaramaze kugabisha ko Afuganistani iri mu bihe vyo gufashwa bikomeye. Abanyefuganistani barenga ica kabiri c’imiliyoni 38 bashobora guterwa n’inzara muri ibi bihe vy’imbeho, nkuko bivugwa n’amashirahamwe y’abagiraneza.

Grandi avuga ko ivyo bishobora kutaba mu gihe amakungu yokora yihuta mu gufasha kugira ubutunzi bwa Afuganistani busubire kunagurwa, kandi n’imfashanyo z’amafaranga zisubire kwinjira mu gihugu.

Grandi avuga ko ubutunzi bw’igihugu bwasubiye hasi cane kuva aho Abatalibani bagarukiye ku butegetsi amakungu aca ahagarika imfashanyo. Yavuze ko agiye kuzogendera Irani mu misi iri mbere kuganira n’abategetsi b’aho kuri ico kibazo c’impunzi.

Irani yamye ari ho impunzi z’abanyefuganistani zihungira intambara hamwe n’ibibazo vy’ubutunzi. HRC ivuga ko Irani ihaye indaro impunzi z’abanyefuganistani zigera hafi imiliyoni 3.4. Grandi avuga ko izindi mpunzi zishwiragiye hagati muri Afuganistani. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG