Uko wahagera

Afuganistani Igabisha ko USA Idahagaritse Ibihano Impunzi Ziyongera


 Amir Khan Muttaqi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Afuganistani n'ayandi makungu
Amir Khan Muttaqi, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Afuganistani n'ayandi makungu

Afuganistani igabisha Amerika ko idahagaritse ibihano vy'ubutunzi yafatiye ico gihugu, ngo yongere irekure imiriyaridi 9 z'amadorali yo kuyifasha, abanyagihugu bazohunga Afuganistani bazoba benshi cane.

Mw’ikete ryugururiwe bose, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Afuganistani n’ayandi makungu, Amir Khan Muttaqi, yandikiye inama nshingamateka y’Amerika, yasiguye ko ibihano Amerika yafatiye Afuganistani “bitononye” ivy’ubutunzi n’imitahe gusa, ahubwo vyanagize ingaruka ku banyagihugu baharurwa mu mamiriyoni bakeneye ugufashwa vyihuta kandi babayeho mu mwiheburo.

Iryo kete ryashizwe ahabona n’ibiro vy’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Afuganistani n’amakungu, ryasohotse mu ndimi nyinshi zirimwo icongereza. Umushikiranganji Muttaqi muri iryo kete yashimangiye ko kuva mu kwezi kwa munani abatalibani bafata ubutegetsi, icuka ca politike n’umutekano “vyifashe neza”, kunagura ubutunzi ari vyo gusa bikigoranye. Ikibazo c’ubutunzi uwo mutegetsi avuga ko gifise imizi mu mfashanyo Amerika yahagaritse n’ibihano vyayo kuri Afuganistani.

Abatalibani basaba Amerika guhagarika ibihano no kongera gufasha Afuganistani, atari uko amakungu akitega ubwinshi bw’impunzi zikomoka muri ico gihugu. Mu ndwi iheze, ishirahamwe riraba ivy’impunzi muri Norvege ryavuze ko kuva mu kwezi kwa munani, abanyagihugu ba Afuganistani bamaze guhungira muri Irani bagera ku bihumbi 300, mu gihe abahungira mu bihugu bibanyi vya Afuganistani baciye mu nzira zitemewe n’amategeko ku musi ku musi bagera ku bihumbi 5.

Hambavu y’Amerika, umuryango w’ubumwe bwa Buraya, Ibanki y’Isi Yose n’Ikigega c’Isi yose, FMI, kuva mu kwa munani uno mwaka vyarafatiye ibihano Afuganistani. Zimwe mu ngaruka zimaze kwibonekeza, harimwo ukudashobora guhemba abaganga, abigisha n’abandi bakozi ba Reta.

Nta gihugu na kimwe kiremeza Reta y’abatalibani nk’iyemewe n’amategeko. Abasesanguzi banasanga Afuganistani ataco irahindura mu bijanye n’intwaro ibereye. Uno musi ku wa gatatu, akanama ka ONU kajejwe umutekano karaza kwiga ku kibazo ca Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG