Uko wahagera

Abanyefuganistani Barenga 5000 Bahungira muri Irani Buri Musi


Abanyefuganistani bagenda ku rubibe rwa Dowqarun rwa Irani na Afuganistani, mu ntara ya Razavi Khorasan, Irani, kw'itariki ya 29/10/2021.

Abimukira b’abanyefuganistani hafi 5000 ni bo binjira muri Irani buri musi, nkuko bivugwa n’ishirahamwe ry’abagiraneza ryo muri Norveje, Conseil Norvegien pour les Refugies, CNR. Iri shirahamwe rivuga ko ibi bitigiri vyitezwe ko vyiyongera mu gihe ibihe vy’imbeho nyinshi vyegereje.

Jan Egeland, umunyamabanga mukuru waryo, yabivuze inyuma y’urugendo yaherukamwo ku rubibe rwa Irani mu bumanuko bushira ubuseruko. Avuga kandi ko kuva Abatalibani bafata ubutegetsi muri Afuganistani, abantu barenga 300.000 bamaze kujabuka urubibe.

Benshi mu banyefuganistani binjira muri Irani mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Irani yarugaye urubibe rwayo ariko ntikibuza ko abimukira baca mu yandi mayira ku buryo abanyefuganistani bamaze gushika mu gihugu baharurwa mu miliyoni 3.6 kuva intambara yaduka muri Afuganistani.

Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko Irani na Pakistani vyonyene bihaye indaro 90 kw’ijana vy’abanyefuganistani bahunze igihugu cabo mu myaka 40 iheze. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG