Uko wahagera

Sudani: Abarongoye Imyiyerekano Yiyamiriza Kudeta Bahagaritswe


Abanyesudani mu myiyerekeno yiyamiriza kudeta yo kuwa 25/10/2021, mu bumanuko bwa Khartoum muri Sudani
Abanyesudani mu myiyerekeno yiyamiriza kudeta yo kuwa 25/10/2021, mu bumanuko bwa Khartoum muri Sudani

Igiporisi muri Sudani cahagaritse abari mu myiyerekano i Khartoum kuri uyu wa gatatu, barimwo batatu barongoye imirwi iharanira demokarasi. Ni mu gihe ibanki y’isi hamwe n’ubumwe bwa Buraya bongereje akariro mu kuremera abategetsi barongoye akagwi k’abasirikare bakoze kudeta. Eka Hambavu y’ivyo, n’ubumwe bwa Afrika bwahagaritse Sudani kugira ijambo muri iryo shirahamwe gushika ubutegetsi busubiye muri reta ya gisivile, nkuko iryo shirahamwe ryabitangaje.

Ababonye ivyabaye bavuze ko abaporisi barashe ivyuka bikoroza amosozi mu bari mu myiyerekano kandi bongera barahagarika n’izo ndongozi ku murwa mukuru Khartoum.

Ibanki nkuru y’isi yavuze ko yabaye irahagarika imfashanyo yaha ico gihugu yongera ihagarika no kwongera kwemeza amafaranga mashasha kuri ico gihugu, mu kurindira bihweza uko bibandanya muri Sudani.

Ibikorwa vyinshi vy’ubucuruzi birugaye kubera ukwitabira akamo ko kuja mu myiyerekano, iyo bamwe mu baganga hamwe n’abakora mu gisata c’ibitoro bavuga ko bitabiriye kugira bashigikire reta yakuwe. Abakozi bo muri banki nkuru y’igihugu nabo nyene bari mu myiyerekano.

Ku musi wa kabiri, umujenerali arongoye abakoze kudeta, Abdel-Fattah Burhan yavuze ko igisirikare catembagaje reta mfatakibanza mu ntumbero yo gukinga intambara hagati y’abenegihugu yari gushobora kuba. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG