Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Sudani Yarekuwe


Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok yarekuwe atwarwa mu rugo iwe ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Ibiro vyiwe vyabivuze ejo kuwa kabiri, inyuma y’aho amakungu atahengeshanya gusaba ko arekurwa bidatevye kandi agasubizwa mu mabanga.

Hamdok yari acungishijwe ic’amaso mu gihe abandi bashikiranganji n’abandi bategetsi b’abasivile bo bagifunzwe.

Haruhande y’ivyo, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yari yasavye ko Hamdok arekurwa, hari imbere y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano yari itegekanijwe gukorana kuri uyu wa kabiri

Ishirahamwe rya Buraya ryagabishije kuri uyu wa kabiri nyene guhagarika imfashanyo riha Sudani mu gihe igisirikare kitosubiza igihugu muri reta y’abasivile.

Umukuru w’igisata ca dipolomasiya muri uyo muryango, Josep Borrell, yavuze ko kudeta iburijemwo inzira ya demokarasi igihugu cariko kijamwo kandi atawobishigikira. Yavuze ko mu gihe ubutegetsi butosubizwa benebwo, hazoba ingaruka zikomeye kuvyo ubumwe bwa Buraya bwiyemeje, harimwo n’imfashanyo z’amafaranga bwaha Sudani.

Ubumwe bwa Buraya bushobora kandi gufatira ibihano abari inyuma y’iyo kudeta, cane cane, umujenerani mukuru, Abdel Fattah al-Burhan, uwo akagwi kiwe kagirizwa gufunga umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok.

Abasirikare muri Sudani ku musi wa mbere niho bafunga Hamdok, abashikiranganji biwe hamwe n’abandi basivile bari mu kanama kari karongoye reta mfatakibanza yaganisha igihugu ku butegetsi bw’abasivile. Ni inyuma yo gutembagaza ubutegetsi bwa Omar al-Bashir mu 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG