Uko wahagera

Amerika Yahagaritse Imfashanyo yari Igenewe Sudani Kubera Kudeta


Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika n'amakungu, Ned Price, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika n'amakungu, Ned Price, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere yahagaritse imfashanyo y’imiriyoni 700 z’amadolari yari igenewe Sudani kandi isaba ko uburongozi bw’igihugu busubizwa mu minwe y’abasivile. Ni inyuma y’aho abasirikare bahagarikiye ubutegetsi bwa reta mfatakibanza yari irongowe n’abasivile.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price, yavuze ko reta mfatakibanza irongowe n’abasivile ikwiye kugarukanwa kandi ikabandanya ikora ubugombe bw’abanyagihugu.

Yavuze ko imiriyoni 700 z’amadolari zari zemewe ngo zifashe reta mfatakibanza mu gisata c’ubutunzi zibaye zirahagaritswe zose.

Price avuga ko Amerika iri kumwe n’abanyagihugu ba Sudani kandi ko abo banyagihugu ari bo bemanze ko bakeneye ko reta mfatakibanza igana kuri demokarasi ibandanya. Amerika ivuga ko mu gihe vyoba ngombwa, abansi ba demokarasi bobazwa ivyo bakoze.

Price yavuze ko Amerika itigeze imenya nimba igisirikare gifise umugambi wo gukuraho umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok kandi itarashobora kuvugana n’uwo mutegetsi w’umusivile afunzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG