Uko wahagera

Ubumwe bwa Afurika na Banki y'Isi Yose Vyafatiye Ibihano Sudani


Abdel Fattah al-Burhan atwara abakoze kudeta muri Sudani
Abdel Fattah al-Burhan atwara abakoze kudeta muri Sudani

Sudani yahagaritswe mu bikorwa vyose vy'umuryango w'ubumwe bwa Afrika. Uwo muryango watangaje uno musi ku wa gatatu ko wafashe iyo ngingo gushika intwaro y’igisivile isubijweho mu gihugu. Wiyamirije kudeta yabaye mu kuvuga ko ari uburyo bw’ugufata ubutegetsi mu nzira itubahirije ibwirizwa shingiro.

Mu nyuma yaho, ibanki y’isi yose nayo nyene yafashe ingingo y’uguhagarika imfashanyo yaha Sudani. Umuryango w’ubumwe bwa Afrika wari wahagaritse Sudani mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’i 2019 inyuma yuko abari mu myiyerekano yasaba intwaro y’igisivile barashwe hanze y’icicaro c’igisirikare ku murwa mukuru, Khartoum.

Yasubiye kwemererwa muri uwo muryango amezi atatu inyuma yuko reta ya mbere ishizweho kuva prezida yari amaze igihe atwaza agahotoro, Omar al-bashir akuwe ku butegetsi.

Jenerali, Abdel Fattah al-Burhan yayoboye abagize kudeta yategetse ku musi wa mbere w’iyi ndwi isamburwa rya reta, atangaza amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Umushikiranganji wa mbere, Abdalla Hamdok yarahagaritswe n’igisirikare hamwe n’abandi bashikiranganji. Vyatumye abanyagihugu bashavuye bihereza amabarabara ku murwa mukuru, Khartoum.

Hamdok yararekuwe mu nyuma yaho naho. Yamara abandi bashikiranganji hamwe n’abandi bayobozi b’abasivile baracapfunzwe. ( AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG