Uko wahagera

Kenya Yahakanye Ingingo ya Sentare ya ONU ku Matati na Somaliya


Somalia Kenya
Somalia Kenya

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yanse kwemera urubanza rwaciwe na sentare ya ONU ijejwe ubutungane kuri uyu wa kabiri. Iyo sentare yahaye uburenganzira Somaliya bwo kugenzura akarere ko mu mazi y’ibahari Indiyana ivyo bihugu bipfa, ahagwiriye ibitoro hamwe n’umwuka wa Gaze.

Kenyatta yavuze ko reta yiwe ihakanye yivuye inyuma ivyemejwe vyose n’iyo sentare mpuzamakungu ifise icicaro mu Buholande. Hari haheze iminsi Kenya ivuze ko itacemera ubutegetsi bw’iyo sentare.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo inyuma y’iyo ngingo ya sentare y’ejo kuwa kabiri, perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed, akunze kandi gutazirwa Farmajo, yahanuye Kenya kubona ingingo nk’akaryo keza ku gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Ariko Kenyatta yavuze ko ahubwo iyi gingo igiye gutuma amahoro n’umutekano bihungabana muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika. Avuga ko ashigikiye umwumvikano hagati y’abegwa n’ico kibazo aho kwumvira ivyemejwe n’iyo sentare.

Somaliya yitwariye Kenya muri iyo sentare mu 2014 haheze imyaka itari mike hakorwa utwigoro two gutatura amatati y’akarere ko mu mazi k’ibirometero kwadrato 100.000 ivyo bihugu butumvikanako.

Ingingo iyo sentare ifashe ntivuguruzwa, ariko nta bubasha ifise bwo kuyishira mu ngiro, ariko gihugu cibaza ko careganijwe kirafise ayandi mahirwe yo kwungururiza mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG