Uko wahagera

Somaliya Yatsinze Kenya mu Rubanza rw'Amatati y'Imbibe z'Amazi


Ikarata yerekana aho imbibe zitandukanye amazi ya Kenya na Somaliya
Ikarata yerekana aho imbibe zitandukanye amazi ya Kenya na Somaliya

Sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane uyu musi yafashe ingingo ishigikiye Somaliya mu matati yerekeye imbibe zo mu mazi y'ibahari y’Abahindi ico gihugu gifitaniye na Kenya.

Iyo ngingo yafashwe yotegerezwa gukwirikizwa hisunzwe amategeko, naho iyo sentare idafise ububasha bwo gutuma ija mu ngiro. Iyo sentare yateye ivyatsi ivyashikirijwe n’igihugu ca Kenya ku mbibe zayo zo mu mazi yarondera.

Yamara iyo sentare yumvirije ivyasabwe na Somaliya vy’umurongo ugororotse uca mu mazi y’iyo bahari uvuye ku rubibe ivyo bihugu vyompi bisangiye. Iyo sentare yiyamirije ivyasabwe na Somaliya vy’uko ishumbushwa kubera ivuga ko imwe mu mirimo ya Kenya yabereye mu gice c’urubibe hagati y’ivyo bihugu bibiri kirimwo amatati mu mazi y’ibahari vyarenze ku mbibe zayo.

Kenya yaratangaje mu ndwi iheze ko itazokwemera ingingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, isigura ko ifise uruhande ihengamiyeko. Itangazo rya reta rimenyesha ko ingingo y’iyo sentare ifise ingaruka zikomeye ku mutekano, politike n’ubutunzi mu karere no hanze y’ako risaba Abanyakenya kuguma batekanye.

Somaliya yari yashingishije urubanza muri sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane ku bijanye n’urubibe rwo mu mazi y’ibahari y’Abahindi n’igihugu ca Kenya mu mwaka w’i 2014. Vyari vyatumye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri itosekara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG