Uko wahagera

Kenya na Somaliya Vyifuza Kunagura Imigenderanire


Ikarata yerekana Kenya na Somaliya
Ikarata yerekana Kenya na Somaliya

Kenya yavuze kuri uyu wa mbere ko izoshira mu ngiro ivyo yasabwe na Somaliya mu kunagura imigenderanire no kwongera kwugurura ambasade yayo i Mogadishu. Ni ingingo ibonwa ko ishobora gusubiza hamwe ivyo bihugu bibiri vyo mw’ihembe rya Afrika.

Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yatosekaye kw’itariki ya 15 y’ukwezi kwa cumi na kabiri inyuma y’aho Kenya ishigikiye reta ya Somaliland, idacana uwaka na reta nkuru ya Somaliya.

Umushikiranganji wa Somaliya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Abdirizak Mohamed, ku musi wa gatandatu yanditse ko mugenzi we wa Kenya yamusavye ko bonagura imigenderanire ya kidipolomasiya, basubirane umutima kivukanyi.

Somaliya mu ndwi iheze yavuze ko ifise umugambi wo kunagura imigenderanire na Kenya, ariko icuka congeye kuba nabi igihe Kenya yaca ihagarika ingendo z’indege hagati y’ivyo bihugu ata nsiguro itanze. Ariko mu nyuma izo ndege zarongeye kugwa hagati y’ivyo bihugu.

Somaliya yamye yidoga ko Kenya yivanga mu bibazi vyayo, mu gihe Kenya nayo yagiriza Somaliya ko ivyitwaza kuko yananiwe gukemura ibibazo vyayo vya poritike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG