Uko wahagera

Kenya Yahagaritse Uruja n’Uruza rw’Indege Hagati Yayo na Somaliya


Ihagarikwa ry'uruja n’uruza rw’indege hagati ya Kenya na Somaliya ribaye inyuma y'imisi ivyo bihugu bisubiye kwunga imigenderanire

Ikigo KCAA kijejwe uruja n’uruza rw’indege muri Kenya casohoye itangazo rivuga ko uruja n’uruza rw’indege hagati y'ivyo bihugu rwahagaritswe, kiretse indege za ONU zijejwe gutabara imbabare. Ivyo vyavuzwe n’umutegetsi muri reta ya Somaliya atashimye kuvuga amazina yiwe kubera atari yahawe uburenganzira bwo kuvugisha ibimenyeshamakuru.

Iryo tegeko rigiye mu ngiro guhera uno wa kabiri itariki 11 gushika itariki 9 y’ukw’icenda, uyu mwaka.

Ikigo KCAA ntikiratangaza impamvu cafashe iyo ngingo. Yamara bibaye inyuma y’aho Somaliya cari giherutse gusohora ingingo ihagarika indege zose zitwara imizigo y’igiterwa kiyayura ubwenge ca Khat gikoreshwa cane muri Somaliya.

Iyo ngingo yafashwe n’igihugu ca Kenya ije gusubiza inyuma imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yasa n’iyariko itera intambwe.

Mu mwaka wa 2020 igihugu ca Somaliya cahagaritse imigenderanire na Kenya cagiriza ico gihugu kukirengera akarimbi no kwivanga muri politike yaco mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG