Uko wahagera

Somaliya na Kenya Vyanaguye Imigenderanire


Ikarata ya Kenya na Somaliya
Ikarata ya Kenya na Somaliya

Somaliya na Kenya kuri uno wa kane vyanaguye imigenderanire yavyo ya kidiplomasiya. Somaliya yatangaje ano makuru ivuga ko ubucuti n’igihugu kibanyi cayo bunagutse inyuma y’ibiganiro vyari bihagarariwe na Qatar.

Mu kiganiro ubushikiranganji bwo guhanahana amakuru muri Somaliya bwahaye abamenyeshamakuru i Mogadishu, bwavuze ko mu vyo impande zose zumvikanye, harimwo ukubahana, ukutivanga mu vy’iguhugu runaka hagati ya Kenya na Somaliya n’ukudasotorana.

Ubwo bushikiranganji ntibwigeze butomora gute ibiganiro vyabaye hagati y’indongozi z’ivyo bihugu vyavutse n’igihe vyamaze. Bwashimangiye yamara ko abaperezida bo ku mpande zose bishimiye intambwe bateye, bongera bashimira Qatar yabafashije kongera kwiyunga.

Kenya ntaco iravuga kuri ano makuru yose. Gusa, Prezida wayo, Uhuru Kenyatta abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yanditse ko yahuye na Dr. Mutlaq bin Majed Al-Qahtani, ajejwe gukumira iterabwoba no kumvikanisha impande zishamirana mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Qatar n’amakungu. Nta vyinshi birenze aho yavuze.

Imigenderanire ya Kenya na Somaliya yatitutse mu mwaka uheze. Mu kwezi kwa cumi na rimwe, Somaliya yirukanye amabasaderi wa Kenya, yongera isaba uwayo yari i Nairobi gutahuka. Somaliya ico gihe yagiriza Kenya ko yivanga mu vy’amatora yayo, Kenya nayo ikabihakana yivuye inyuma. Ibi bihugu bibiri vyarigeze kuba bipfa muri kahise gazi na petroli, gushika aho Somaliya ija kwitwarira Kenya mu gisata ca ONU gitatura amatati hagati y’ibihugu. Urwo rubanza rwumvuririjwe mu buholande mu kwezi kwa gatatu Kenya ntiyigeze irwitaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG