Uko wahagera

Polisi ya Uganda Yahagaritse Bob Wine i Kampala


Bobi Wine, umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Uganda, yahagaritswe igihe yari mu myiyerekano ku murwa mukuru Kampala. Yahagaritswe afise urwandiko ruvuga ruti: “Tugarukanire abanyagihugu bacu”.

Yariko yiyamiriza ipfungwa ry’abanyagihugu benshi bamushigikiye, bahagaritswe imbere y’amatora, igihe yariko araba hamwe n’inyuma yayo mu kwezi kwa mbere.

Komisiyo y’amatora yatangaje ko Prezida Yoweri Museveni ari we yatsinze ayo matora. Yamara Wine yarahakanye ivyayavuyemwo, akaba yavuze ko yaranzwe n’ubusuma kandi mu vy’ukuri ari we yayatsinze.

Abategetsi barega uyo muririmvyi kirangiranwa asanzwe ari n’umushingamateka, ko ariko ashaka gutera umudugararo ushobora kuvamwo itembagazwa rya reta ya Museveni. Yamara wewe avuga ko ariko akora imyiyerekano mu mahoro no mu mutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG