Uko wahagera

ONU Irasaba Itohoza ku Baporisi Bakubise Abamenyeshamakuru muri Uganda


Umukuru w'umugambwe National Unity Platform, Bobi Wine, aha ikiganiro abamenyeshamakuru imbere yo gushikiriza ikirego ONU kw'ihungabanya ry'agateka ka muntu muri Uganda, i Kampala, kw'italiki ya 17/02/2021
Umukuru w'umugambwe National Unity Platform, Bobi Wine, aha ikiganiro abamenyeshamakuru imbere yo gushikiriza ikirego ONU kw'ihungabanya ry'agateka ka muntu muri Uganda, i Kampala, kw'italiki ya 17/02/2021

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragaya abaporisi ba gisirikare bakubise abamenyeshamakuru bariko barakurikirana amakuru y’aho Bobi Wine yariko atanga ikirego kirega reta ya Uganda ku biro vya ONU bijejwe uburenganzira bwa muntu kuri uyu wa gatatu.

Abamenyeshamakuru bashika 20 barakomeretse kandi bane muri bo bagize ibikomere bikomeye mu mitwe, nkuko Stephen Bwire, wo mu runani rw’abamenyeshamakuru muri Uganda yabishikirije.

Stephen Bwire yavuze ko abo bamenyeshamakuru bariko barakora umwuga wabo kandi bari bafise ibibaranga kandi ata bushamirane bariko baratera.

Bobi Wine yaranse kwemera ko yatsinzwe amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi guheze, avuga ko yibwe ku nyungu za Perezida Yoweri Museveni.

Wine, aherekejwe n’imigambwe itanu ya politike, yariko aruzuza ibirego kw’ihungabanywa ry’uburengenzira bwa muntu muri Uganda, aho igiporisi cashitse gikubita uwo wese cahura nawe ata kibabarwe.

Brigadier General Flavia Byewkaso, umuvugizi w’igiporisi c’igisirikare, yavuze mu butumwa bwa Twitter ko abajejwe umutekano bariko barubahiriza amabwirizwa yo kwirinda ikwirakwira rya COVID-19 igihe Wine yari kuri ico kigo ca ONU kandi ata bamenyeshamakuru batewe.

Ambasaderi wa Amerika, Natalie E. Brown, yaneguye ivyabaye yongera asaba itohoza.

ONU yo yasavye reta ya Uganda gukora vuba bwango amatohoza kandi abagize uruhara muri ako kabi bashikanywe imbere y’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG