Uko wahagera

Uganda: Uruhagara Ruvuye ku Banyurujwe igihe c’Amatora


Abategetsi ba Uganda barahanzwe n’abanyagihugu babasaba gushira ahabona abantu barenga 30 banyurujwe n’abajejwe umutekano igihe c’imbere hamwe n’inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu, yaranzwemwo amahinyu n’ubusuma.

Umushikiranganji wa Uganda ajejwe intwaro yo hagati, Jeje Odongo, yabwiye abashingamateka ejo ku musi wa kane ko abantu bari hagati ya 31 na 44 bashobora kuba baranyurujwe, bataratorwa gushika ubu.

Ayo makuru ko reta yemeye ko hari abanyurujwe yatumye abanyagihugu bagwa mu gahundwe, na burya bavuga ko abo bantu banyurujwe mw’ijoro, batwawe mu modoka za minibisi zitagira amaparata.

Bamwe mu bashingamateka barimwo umukuru w’inama nshingamateka, bari basavye abategetsi ba reta ya Uganda gusigura ivyo bintu.

Abajejwe umutekano bavuga ko batigeze bahagarika abasivile kandi Prezida Yoweri Museveni azwi nk’umukuru w’igihugu yatwaye mu mahoro no mu mutekano.

Yamara umunyapolitike atavuga rumwe na reta Bobi Wine ejo ku musi wa kane yarashikirije ibirego bivuga ko abanywanyi biwe bashika 3000 bataratorwa gushika ubu. Yongeraho ko bashobora kuba bapfunzwe canke bugaraniwe ahantu hatazwi inyuma y’aho banyururijwe n’abajejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG