Umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda, Bobi Wine yashinze urubanza rwo kwiyamiriza ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu. Abashingwamanza biwe bwitwaye muri sentare nkuru y’igihugu uno musi ku wa mbere. Bavuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’italiki 14 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka muri Uganda yatsinzwe na Prezida Yoweri Museveni, yaranzwe n’ubusuma.
Medard Sseggona, umwe mu bashingwamanza ba Bobi Wine, avuga ko ata matora namwe Museveni agizemwo uruhara ashobora kuba mu mahoro no mu mwudegemvyo kandi ntarangwe n’utunenge. Amenyesha ko bashaka ko ayo matora afutwa kandi ko Museveni atogira uruhara mu matora ayo ari yo yose yo muri kazoza.
Yamara Museveni avuga ko amatora yo mu kwezi guheze ari yo matora yegenze neza cane kurusha ayabaye imbere yaho mu mateka y’igihugu y’inyuma y’ukwikukira kwa Uganda.
Museveni, afise imyaka 76 muri iki gihe, yatwaye Uganda kuva mu mwaka w’i 1986, yatsindiye ikiringo kigira gatandatu n’ibice 59 vy’amajwi. Robert Kyagulanyi atazirwa Bobi Wine, yaronse ibice 35 kw’ijana vy’amajwi. Yavuze ko amatora yo mu kwezi kurangiye yari inkinamico.
Hisunzwe ibwirizwa shingiro, Bobi Wine yari afise imisi 15 kuva urwego rw’igihugu rujejwe amatora rutangaje ibiharuro vya nyuma vyavuye mu matora kugira ashinge urubanza rwo guhakana ivyahavuyemwo. Sentare kizigenza y’igihugu itegerezwa gufata ingingo mu kiringo c’imisi 45
Facebook Forum