Uko wahagera

ONU Ihamagarira Amakungu Kwiyunga ku Kibazo ca Myanmar


Abanyagihugu ba Myanmar mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi
Abanyagihugu ba Myanmar mu myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi

Intumwa ya ONU muri Myanmar, kuri uyu w’Imana yaneguye yivuye inyuma ugusesa amaraso kukibandanya. Ni inyuma y’aho abantu 18 mu bari mu myiyerekano biciwe muri umwe mu misi yasesetsemwo amaraso menshi kuva igisirikare gitembagaza ubutegetsi kw’italiki ya 1 y’ukwezi kwa kabiri.

Christine Schraner Burgener, yavuze ko amakungu, arimwo n’ibihugu vyo mu karere, akwiriye kwifatanya n’abanyagihugu ba Myanmar hamwe n’ivyipfuzo vyabo vya demokarasi.

Yavuze ko igisirikare ca Myanmar canse kwumvira akamo giterwa n’amakungu, kandi ababajwe n’abantu baguma bicwa, batotezwa, baborezwa igufa no gufungwa bahorwa kuba bitabiriye imyiyerekano.

Akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi, kuri uyu w’Imana karashizeho amategeko nk’ayo mu ntambara mu bice bibiri bibamwo abantu benshi mu gisagara ca Yangon.

Abantu barenga 80 baramaze kwicwa kuva igisirikare gikuye ku butegetsi Aung San Suu Kyi. Iki gitigiri gishobora kuba ciyongereye inyuma y’abapfuye kuri uyu w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG