Uko wahagera

ONU Yagiriza Igisirikare ca Myanmar Kwica Abasivile 18


Umunyagihugu yafashwe n'igiporisi ari mu myiyerekano yiyamiriza kudeta ya gisirikare, mu gisagara ca Yangon, Myanmar, kw'italiki ya 27/02/2021.
Umunyagihugu yafashwe n'igiporisi ari mu myiyerekano yiyamiriza kudeta ya gisirikare, mu gisagara ca Yangon, Myanmar, kw'italiki ya 27/02/2021.

Abajejwe umutekano muri Myanmar barashe abanyagihugu bari mu myiyerekano kuri uyu w’Imana, bicamwo abashika 18 hamwe n’abarenga 30 bakomeretse. Ibiro vya ONU bijejwe uburenganzira bwa muntu vyavuze ko ari bwo bwicanyi buhitanye abakora imyiyerekano benshi kuva igisirikare gitembagaza ubutegetsi kw’italiki ya 1 y’ukwezi kwa kabiri.

Umuvugizi w’ico kigo, Ravina Shamdasani, avuga ko igiporisi n’igisirikare vyatanye mu mitwe n’abari mu myiyerekano mu bice bitari bike vy’igihugu, kandi abo bajejwe umutekano bakoresheje inguvu zica.

ONU isaba igisirikare guhagarika bidatevye ikoreshwa ry’izo nguvu ku basivile biyerekana mu mahoro.

Ambasaderi mushasha wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yanditse ubutumwa yifashishije urubuga rwa Twitter, ko Amerika yifatanije n’abanyagihugu ba Myanmar kandi ko idashigikiye gufata ubutegetsi hakoreshejwe igikenye ca gisirikare. Yavuze ko yifatanije na bo igihe basaba gusubira mu mahoro, intwaro ya demokarasi kandi ishingiye ku mategeko.

Ababonye ivyabaye bavuga ko mu gushwiragiza abanyagihugu, igiporisi cakoresheje amazi, ivyuka bikoroza amosozi, amasasu atica hamwe n’ayica mu gisagara ca mbere kinini mu gihugu ca Yangon.

Kuva aho igisirikare gifungiye Aung San Suu Kyi n’abandi bategetsi bari muri reta yiwe, inyuma yo gutembagaza ubutegetsi, nta musi wijana hatabaye imyiyerekano muri Myanmar.

Ishirahamwe rya Bulaya ryiyamirije ubwicanyi bwabaye kuri uyu w’Imana, rivuga ko abasirikare bica abanyagihugu batagira ibirwanisho biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Abantu bashika kuri 21 baramaze kwemezwa ko biciwe muri iyo myiyerekano, kandi igisirikare naco cemeza ko umuporisi umwe yishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG