Uko wahagera

Abakoze Kudeta muri Mynmar Basaba ko Imyiyerekano Ihagarara


Jenerali Min Aung Hlaing yari arongoye kudeta muri Myanmar
Jenerali Min Aung Hlaing yari arongoye kudeta muri Myanmar

Umukuru w'abasirikare bagize kudeta mu gihugu ca Myanmar yasavye ko imyiyerekano ihagarara. Ni mu gihe amakungu atanguye gufatira ibihano abakoze iyo kudeta.

Min Aung Hlaing, umutegetsi mushasha w’abagize kudeta yasavye abakozi ba reta gusubira ku kazi, kandi ko abanyagihugu bahagarika gukorana ari benshi kugira ntibakwiragize umugera wa Covid-19. Ni mu gihe ari umusi ugira uwa 6 w’imyiyerekano yakwiragiye mu gihugu cose, yo kwiyamiriza coup d’etat.

Reta ya prezida wa Amerika Joe Biden, yafatiye ibihano abasirikare bakuru bagize iyo kudeta. Prezida Biden yatangaje urutonde rw’abafatiye ibihano ku musi wa gatatu. Yamenyesheje ko azobafatira izindi ngingo hamwe n’imiryango yabo.

Ni yo ntambwe ya mbere iboneka reta ya Amerika ifashe kuva Joe Biden asavye abo basirikare bakuru kugarukana demokrasi mu gihugu no kurekura umutegetsi w’umusivile bataye mu mvuto.

Ubwongereza na bwo nyene bwamenyesheje ko buriko buriyumvira ingingo bwofata zigenewe guhana abasirikare bakuru bagize iyo kudeta muri Myanmar.

Kudeta n’ipfungwa ry’umutegetsi yavuye mu matora, Aung Suu Kyi hamwe n’abandi bategetsi, vyatumye haba imyiyerekano ikomeye itari bwabe kuva mu mwaka w’i 2007. Abari mu myiyerekano bakoranye mu bice bitandukanye vy’igihugu uno musi ku wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG