Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abakoze Kudeta muri Myanmar


Abanyagihugu mu myiyerekano muri Myanmar, mu gisagara ca Yangon, kw'italiki ya 9/02/2021.
Abanyagihugu mu myiyerekano muri Myanmar, mu gisagara ca Yangon, kw'italiki ya 9/02/2021.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yafatiye ibihano abategetsi b’igisirikare bakoze kudeta muri Myanmar. Perezida Joe Biden yatangaje kuri uyu musi wa gatatu ko igisirikare kibwirizwa gusubiza ubutegetsi cigaruriye, no kwubahiriza ivyo abanyagihugu batoye mu matora yo kw’itariki ya 8 ukwezi kwa cumi na kumwe.

Biden yatangaje ko reta y’Amerika, iriko irafata intambuko zo kubuza abo ba jenerale kuronka amamiriyaridi y’amadolari Amerika isanzwe ifashisha ico gihugu. Biden kandi yasinye itegeko rya perezida rihana abo bategetsi ba gisirikare bafashe iya mbere muri iyi kudeta, amatungo yabo hamwe n’imiryango yabo.

Amerika izokwugara amatungo abo bajenerali bafitiye muri Amerika, ariko imfashanyo mu gisata c’amagara y’abantu zizobandanya zihabwa abanyagihugu, amashirahamwe yo muri sosiyete sivile no mu bindi bisata bifasha abanyagihugu.

Kw’italiki ya 1 y’ukwezi kwa kabiri igisirikare ca Myanmar carasheshe reta yitorewe n’abanyagihugu, mu nyuma abanyagihugu baca batangura imyiyerekano igeze mu musi wa gatanu.

Biden yavuze ko Amerika yiteguye gufata ibindi bihano birenze ivyo mu gihe ibintu vyoyangara.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yarashikirije amakenga kw’ikoreshwa ry’inguvu ku bakora imyiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG