Uko wahagera

Myanmar: Abasirikare Bararashe mu Banyagihugu Bari mu Myiyerekano


Abanyagihugu bari mu myiyerekano mw'ibarabara mu gisagara ca Yangon, muri Myanmar, Kw'itariki ya 14/02/2021

Abajejwe umutekano muri Myanmar barashe abanyagihugu bari mu myiyerekano kuri uyu w’Imana, mu gihe iyo myiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bw’igisirikare yinjiye mu ndwi ya kabiri.

Igitigiri c’aboba bahasize ubuzima nticavuzwe kandi na reta yahisemwo kwinumira.

Abasirikare bari barungitswe ahari urugomero rw’umuyagankuba, hariko habera imyiyerekano, muri reta ya Kachin, mu buraruko bw’igihugu kuri uyu w’Imana. Amasanamu ya videwo yahererekanijwe yerekanye abasirikare bariko bararasa mu banyagihugu kugira babasanzaze. Ariko ntivyamenyekanye nimba ayo masasu yari ayica canke ayatica.

Iyi myiyerekano ibandanya mu gihe akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi kabandanya gukaza amategeko y’igihugu inyuma y’indwi gatembagaje ubutegetsi bwa Aung San Suu Kyi.

Haruhande y’iyo myiyerekano y’abanyagihugu, abakozi ba reta nabo barahagaritse ubuzi. Ako kagwi ka gisirikare kabategetse gusubira ku mirimo kabagabisha ko bishobora kubagirira ingaruka.

Ihagarikwa rya Suu Kyi rirangira kuri uyu wa mbere, ariko umukuru w’abasirikare bafashe ubutegetsi, Min Aung Hlaing, ntiyavuze ikizoca gikurikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG