Uko wahagera

ONU Ikeka ko Hakozwe Ivyaha ku Kiremwa Muntu muri Myanmar


Thomas Andrews, intumwa idasanzwe ya ONU muvy'agateka ka muntu muri Myanmar.
Thomas Andrews, intumwa idasanzwe ya ONU muvy'agateka ka muntu muri Myanmar.

Umuhinga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze kuri uyu wa kane ko igisirikare ca Myanmar gisa n’uko kiriko kirakora ivyaha bihohotera ikiremwa muntu. Ni mu gihe akagwi k’abasirikare kigaruriye ubutegetsi ko gatangaza ko umutegetsi w’umusivile kakuye, Aung San Suu Kyi, yiyemereye ko yishuye amafaranga hamwe n’izahabu mu buryo butemewe n’amategeko.

Thomas Andrews, umuhinga wa ONU mu bijanye n’agateka ka muntu muri Myanmar, yavuze ko abantu bashika 70 bamaze gutangazwa ko bishwe kuva habaye kudeta kw’italiki 1 y’ukwezi kwa kabiri.

Andrews yabwiye akanama ka ONU ku gateka ka muntu i Geneve, ko igihugu kigenzurwa n’ubutegetsi butwaza igikenye n’ubwicanyi, ku buryo bisa n’ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu.

Muri ivyo vyaha, birimwo ubwicanyi, kunyuruza abantu, kubahama, kubaboreza igufa bikorwa kandi umukuru arongoye igihugu, Min Aung Hlaing, abizi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku musi wa gatatu ryaraneguye ryivuye inyuma iro hohotera abantu, aho abarenga 2 000 bamaze guhagarikwa n’igiporisi. Ubushinwa busanzwe bucuditse na Myanmar busaba ko haba kuganira kugira igihugu gisubire mw’ituze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG