Uko wahagera

Myanmar: Abandi Bantu Bane Biyerekana Bishwe Barashwe na Polisi


Abantu bane ni bo bamaze kumenyekana ko baguye mu myiyerekano y’ababandanya kwiyamiriza ihirikwa ry’ubutegetsi muri Myanmar. Bose uko ari bane barashwe n'igipolisi igihe cariko kimijagura amasasu mu biyerekanye nkuko servisi y’Ijwi ry’Amerika mu rurimi rwa Burmese rukoreshwa muri Myanmar ivyemeza.

Aba baje biyongera ku bandi 11 bishwe barashwe mu myiyerekano y'ejo ku wa gatandatu. Umurwi wa ONU ujejwe gutohoza kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu muri Myanmar wahamagariye amakungu guhagurukira ikibazo c’ico gihugu.

ONU yemeza ko kuva abasirikare batembagaza ubutegetsi, abajejwe gukingira umutekano bamaze kwica barashe n’imiburiburi abagera kuri 70, bafunga abarenga 2000. Hambavu y’ibi, ONU ivuga ko ifise videwo yerekana abajejwe umutekano bariko barakubagura abiyerekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG