Uko wahagera

Amerika Itangaza ko Yafashe Amakonte Menshi y'Imihari y'Iterabwoba


Abarwanyi ba ISIS
Abarwanyi ba ISIS

Ubutungane bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bwatangaje kuri uyu wa kane ko bwafashe amamiliyoni y’amadolari hamwe n’amakonte y’amafaranga afasha imihari y’iterabwoba ya al-Qaida, uwa reta ya kiyisilamu, hamwe n’ishami rya gisirikare ry’umuhari Hamas.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwavuze ko amakonte arenga 300 afasha iyo mihari itatu ari yo ya mbere menshi afashwe, kandi ko bigiye guhungabanya cane iyo migwi y’iterabwoba.

Umushikiranganji w’ubutungane, William Barr, amenyesha ko ubushikiranganji arongoye buzokoresha uburyo bwose bufise kugira bukingire abanyamerika imihari y’iterabwoba. Abatanga ayo mafaranga ntibaramenyekana kandi ngo bakoresha ubuhinga buhanitse n’imbuga ngurukana bumenyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG