Uko wahagera

USA Iragabisha ko Iterabwoba Ryiyongera muri Afrika


Imodokari y'umuhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Afrika y'uburengero.
Imodokari y'umuhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Afrika y'uburengero.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kiragabisha ko hari amahirwe ko imihari y’iterabwoba ya reta ya kiyisilamu na al-Qaida igiye gukomera ku mugabane w’Afrika. Jenerali Stephen Townsend, arongoye inteko z’Amerika ku mugabane w’Afrika, AFRICOM, yabibwiye abashingamateka b’Amerika kuri uyu wa kabiri.

Townsend avuga ko ibitero vya al-Shabab vyiyongereye mu mezi make aheze ugereranije n’amezi umunani aheze agishikira ayo mabanga yo kurongora ingabo za AFRICOM.

Amerika hamwe n’Ubufaransa ni vyo bihugu vyo mu burengero bw’isi biri kw’isonga mu kurwanya iterabwoba muri Afrika. Mu gihe bafise abasirikare bashika 5100, ivyo bihugu bisaba ibindi bihugu vya buraya kwongereza imfashanyo zavyo mu vya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG