Ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa Al-Qaeda muri Mali ryigamvye ko ari ryo ryakoze igitero co kwiyahura ku basirikare b’Abafaransa mu buraruko bwa Sahel muri uku kwezi.
Perezidanse y’Ubufaransa yatangaje ko ico gitero cahitanye umusirikare umwe w’umufaransa mu gisagara ca Gossi mu buraruko bwa Mali kw’italiki ya 23 ukwezi kw’indwi.
Igihugu ca Mali gisa n’icananiwe gutuza abarwanyi biyitirira idini rya kiyisilamu batanguye ibitero kuva mu 2012. Abasirikare b’Ubufaransa n’inteko za ONU bari muri ico gihugu gufasha reta ya Mali.
Facebook Forum