Uko wahagera

Afuganistani Itangaza ko Yafashe Abategetsi 3 ba ISIS


Abajejwe umutekano ba Afghanistani bari ahakorewe igitero c'iterabwoba
Abajejwe umutekano ba Afghanistani bari ahakorewe igitero c'iterabwoba

Ikigo c’iperereza muri Afuganistani cemeje kuri uyu wa mbere ko cafashe abategetsi batatu bo ku rwego rukuru b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu. Ico kigo kivuga ko abo bakomanda ari bo bategeka ibitero vy’uwo muhari mu bice vyo mu karere ka Aziya.

Iperereza rya Afuganistani rimenyesha ko abo bagabo batatu bafashwe inyuma y’umukwabu wabereye mu bice bitandukanye vya Kabul. Ariko ntibavuga umunsi vyabereyeko.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wagirizwa kuba ari wo ugaba ibitero vy’iterabwoba muri Afuganistani, Pakistani no mu bihugu bibanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG