Uko wahagera

Amerika Iremeza ko Yishe Indongozi ya Al-Qaida mu Karere k'Abarabu


Qasim al-Rimi

Perezida Donald Trump yemeje kuri uyu wa kane urupfu rw’umukuru wa al-Qaida mu gitero c’indege ya drone muri Yemeni.

Trump yashikirije ko Amerika yagavye igitero co guhasha iterabwoba cahitanye Qasim al-Rimi, yashinze kandi akaba yari arongoye umuhari w'iterabwoba al-Qaida mu karere k’Abarabu.

Urupfu rwa Rimi rubaye intsinzi ya gatatu y’Amerika kw’iterabwoba mu mezi aheze. Mu kwezi kw’icumi Amerika yishe umukuru w’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu Abu Bakr al-Baghdadi nayo mu kwezi kwa mbere umujenerali wa Irani Qassem Soleimani yicirwa muri Iraki n'indege ya drone y'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG