Uko wahagera

Abegwa n'Intambara muri Libiya Boba Bagiye Gushirahamwe?


Abari mu nama ku kibazo ca Libiya i Berlin mu Budagi, kw'itariki 19/01/2020.
Abari mu nama ku kibazo ca Libiya i Berlin mu Budagi, kw'itariki 19/01/2020.

Abategetsi bari mu nama ku bibazo biri muri Libiya bemeranije kuri uyu w’Imana kwubahiriza ukutagurisha ibirwanisho muri Libiya no kwunguruza itangwa ry’ibirwanisho ku mirwi ishamiranye.

Abategetsi b’ibihugu 12 vyo kw’isi hamwe n’intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ubumwe bwa Bulaya, ubumwe bw’Afrika, hamwe n’ishirahamwe ry’Abarabu bahuriye mu Budagi kuri uyu w’Imana.

Bari bafise icizere ko bashiraho umushinge ukomeye wo guhagarika burundu intambara hagati ya reta zibiri zirwanira ubutegetsi muri Libiya.

Antonio Guterres yashikirije ko iyo nama y’i Berlin yashitse ku guhagarika intambara ishobora gutandukira akarere kose.

Abarwanira ubutegetsi muri Libiya, jenerali Khalifa Haftar hamwe n’umushikiranganji wa mbere Fayez Sarraj, basanzwe bafashwa n’Uburusiya hamwe na Turukiya.

Turukiya n’Uburusiya nivyo bihugu vyafashije guhagarika imirwano muri Libiya mu ndwi iheze, ariko izo mpande zibiri zagirizanya kutavyubahiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG