Uko wahagera

Libiya: Amasezerano yo Guhagarika Intambara Yoba Agiye Gusinywa


Abasirikare bayoboka reta y'i Tripoli yemewe na ONU bashitse i Tajura, mu micungararo ya Tripoli, kw'itariki 06/04/2019
Abasirikare bayoboka reta y'i Tripoli yemewe na ONU bashitse i Tajura, mu micungararo ya Tripoli, kw'itariki 06/04/2019

Umukuru wa reta yavuye mu mwumvikano kandi yemewe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Fayez al-Sarraj hamwe na mukeba wiwe Khalifa Haftar bitezwe gusinya amasezerano yo guhagarika intambara i Moscow mu Burusiya kuri uyu wa mbere, nkuko vyashikirijwe n’umwe mu bategetsi ba Libiya.

Izo mpande zose zibiri zari zimaze kwumvikana ku guhagarika imirwano kuva kuri uyu w’Imana, kugira iyo mirwano imaze amezi icenda ihagarare.

Reta y’i Tripoli kuva mu kwezi kwa kane yari isugerejwe n’inteko ziyobowe na Khalifa Haftar, uwo kw’itariki 6 z’uku kwezi kwa mbere yigaruriye igisagara ca Sirte.

Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin na mugenzi we wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, bafasha izo mpande zibiri, bamaze indwi yose basaba ako gahengwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG