Uko wahagera

Libiya: Abashamiranye Bateye Intambwe Nziza mu Biganiro


Libya Who's Who

Ibiganiro vya mbere hagati y’abakuru b’impande zibiri zishamiranye muri Libiya vyarangiye kuri uyu wa mbere i Moscou mu Burusiya.

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yashikirije ko habaye intambwe zishimishije zatewe, inyuma y’umusi umwe ihagarikwa ry’imirwano rishizwe mu ngiro.

Izo mpande zibiri ntizashoboye gusinya amasezerano nkuko vyari bitegekanijwe kuri uyu wa mbere, ibindi biganiro vyaciye vyungururizwa kuri uyu wa kabiri.

Ivyo biganiro biriko bifashwa na Turukiya hamwe n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG