Uko wahagera

Ubudagi Bwatumyeko Inama ku Kibazo c'Umutekano Muke muri Libiya


Angela Merkel
Angela Merkel

Chanceliere w'Ubudagi Angela Merkel yatumiye ibihugu vy’ibihangange kw’isi mu nama mu gisagara ca Berlin ku musi w’Imana kugira biganire ku twigoro two gufasha kugarukana amahoro muri Libiya.

Ibiro vya Merkel vyamenyesheje mw’itangazo uno musi ku wa kabiri ko yafashe ingingo y’ukwakira iyo nama inyuma y'ukuvugana n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres.

Mu batumiwe muri iyo nama harimwo Fayez al-Sarraj ayoboye Reta y’igihugu ca Libiya ishigikiwe n’ishirahamwe ONU, na Jenerali Khalifa Hifter arwanya ubutegetsi.

Abategetsi bavuye muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Uburusiya, Ubwongereza, Ubufaransa, Ubushinwa, Emirats Arabes Unis na Turukiya hamwe n’ibindi bihugu bitari bike vyo muri Afurika n’ibihugu vy’Abarabu nabo nyene baratumiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG