Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika yashikirije kuri uyu wa kabiri ko amatohoza ariko arakorwa yotuma akurwa ku butegetsi ari nko gutegura "Coup d’Etat" kuri reta yiwe.
Ivyo abishikirije inyuma y’aho umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo, ashikirije ko azokora uko ashoboye aburizemwo canke adindize ko abantu batanu bahoze ari abakozi bakuru canke bagikorera ubwo bushikiranganji bisigura ku co bazi ku kiganiro Perezida Trump yagiranye na Perezida wa Ukraine.
Pompeo yagiriza abademokrate mu nama nshingamateka, umutwe w’abadepite, kuba bariko baragerageza gutera ubwoba abo bategetsi batanu bo muri ubwo bushikiranganji.
Facebook Forum