Uko wahagera

USA: Abayobozi ba Kongre Basabwa Gukingira Uwatanze Amakuru kuri Trump


Ingoro inteko ishinga amategeko ya Amerika ikoreramo
Ingoro inteko ishinga amategeko ya Amerika ikoreramo

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, arabandanya kwifatira mu gahanga abademokrate batanguje ibikorwa vyo gutohoza ivyaha yagirizwa, bijanye n’ibintu yoba yaravuze kuri telefone. Ivyo vyatumye umwe mu bakozi ashavura yibira ibanga abandi bategetsi.

Mu nyandiko zitavanako yacishije ku kibanza gihanahanirwako amakuru: "Twitter” uyu musi ku wa mbere, Trump yifatiye mu gahanga abamurega ivyo birego. Abo barimo cane cane umukuru wa komisiyo y’abashingamateka ijejwe iperereza Adam Schiff, yiganye mu ndwi iheze amajambo prezida yakoresheje kuri telefone ariko ayaga na Prezida w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelenskiy.

Trump yanditse kandi kuri “Twitter” amajambo yakoreshejwe n’umupasitori agendera ku mico n’imigenzo vya kera, agabisha ko hashobora kuba intambara hagati mu banyagihugu, mu gihe prezida yokwagirwa n’ivyo vyaha yagirizwa, agakurwa ku butegetsi.

Uyo muntu yibiye ibanga abategetsi arega Trump ko yasavye Zelenskiy kumufasha mu kurondera no gushira ahabona amakuru yegekako ivyaha Joe Biden yahoze ari visi prezida wa Amerika hamwe n’umuhungu wiwe Hunter Biden. Ivyo kugira ngo bize bimwononere ntashobore gutsindira ikibanza c’umunyapolitike azohiganwa ku giti c’umugambwe w’abademokrate, azohangana na Trump mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2020.

Abashingwamanza b’uyo mugabo bavuga ko bikenewe cane ko amazina ye n’ibindi bimuranga bidatangazwa, naho prezida Trump wewe, yavuze ko akwiye guhura n’uyo muntu amurega.

Abo bashikirizwamanza barongowe na Andrew Bakaj, barasohoye itangazo ku musi wa mungu, rivuga ko babandanya gukorana n’abademokrate hamwe n’abarepublika muri Kongre ya Amerika kugira ngo bihweze ukuntu uyo muntu yobonana n'abashingamateka. Yamara, umusi uyo mubonano uzoberako nturamenyekana.

Abo bashingwamanza barashize ahabona kandi ikete bandikiye umuyobozi w’ibiro bijejwe iperereza, bamumenyesha ko batewe umutima uhagaze n’umutekano w’uyo muntu.

Mu rindi kete bandikiye abategetsi bakuru b'imigambwe w'abademokrate n'abarepublika bari mu mirwi ijejwe iperereza mu nama nshingamateka no mu nama nkenguzamateka, barateye akamo kabasaba gushigikira umugambi wo gukingira uyo muntu yatanze amakuru y’ibanga. Basigura ko kizira kikaziririzwa kwihora ku bantu nk’abo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG