Uko wahagera

Uwatanze Amakuru Yagiriza Trump Yoba Arinzwe Cane


Abasaba ko Perezida Trump yaburanishwa agakurwa
Abasaba ko Perezida Trump yaburanishwa agakurwa

Abunganira umwe mu bakozi b’inzego z’iperereza yasohoye amakuru yagiriza perezida wa Amerika, Donald Trump, bavuga ko bikenewe ko amazina yiwe adatangazwa.

Uwo muntu yatanze amakuru ko Prezida Trump yagerageje kwumvisha igihugu co mu mahanga kumuronsa amakuru agenewe kwagiriza ivyaha umunyapolitike bashobora kuzohangana mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uza w’i 2020. Perezida Trump avuga ko akeneye guhura n’uwo mukozi amwagiriza ivyaha.

Abo bunganirizi biwe bavuga ko babandanya gukorana n’abademokrate n’abarepublika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu ntumbero yo gutegura ukurenguka kw’uwo mukozi w’inzego z’iperereza imbere y’abashingamateka.

Yamara nta tariki iratangazwa. Abunganirizi b’uwo mukozi bavuga ko impungenge bafise ku bijanye n’umutekano wiwe ziyongeye mu ndwi iheze. Ivyo vyoba vyaratumye arindwa cane. Bakaba biteze ko ibintu bishobora kumera nabi kurushiriza. Batangaza ko bafise amakuru y’uko hari abantu bariko batanga amafranga menshi ku wotanga amakuru yo kumenya uwo ari we.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG