Uko wahagera

USA: Pelosi Yuguruje Gutohoza Nimba Trump Yokurwa ku Butegetsi


Perezida w'Amerika Donald Trump n'umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi
Perezida w'Amerika Donald Trump n'umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi

Umukuru w’inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Nancy Pelosi yatangaje ku mugaragaro ko perezida w’Amerika Donald Trump atangura gutohozwako nimba hari ivyaha yoba yarakoze vyotuma akurwa ku butegetsi. Amwagiriza kwifashisha reta yo hanze y’Amerika ngo imufashe kwongera kuzotorwa mu matora y’umukuru w’igihugu mu 2020.

Pelosi yashikirije iryo tangazo inyuma yo kubonana n’izindi ndongozi z’abademokrate mu nama nshingamateka. Mu gihe ibitigiri vy’abashingamateka bashigikiye gutohoza kuri perezida mu ntumbero yo kumukura ku butegetsi vyabandanije vyiyongera uko umusi wa kabiri wagiye uragenda.

Pelosi avuga ko perezida yaciye kubiri n’ibwirizwa shingiro bikomeye, kandi ko akwiye kubihanirwa, ko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko.

Haraheze amezi, Pelosi anana gutangura gutohoza kuri Tump, ndetse n’inyuma yo kwagirizwa kuvogera ubutungane na raporo y’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu kugerageza kumufasha gutsinda amatora.

Ariko yarushirije kuremerwa mu misi iheze kuva hatanguye kuvugwa ko Trump yasavye perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskiy gutohoza kuri Joe Biden. Biden ni umukandida mu mwanya w’umukuru w'igihugu ku ruhande rw’abademokrate mu matora yo mu 2020. Umuhungu wiwe Hunter Biden yigeze kuba ahembwa umushahara munini na kompanyi ya Gaze ya Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG